
The Tower of Babel (Genesis 11: 1-9)
íkiRǔndi (Kirundi)
- 1 Ico gihe isi yose yari ifise ururimi rumwe n’amajambo amwe.
- Nuko mu gihe bariko bagenda berekeza mu buseruko, amaherezo bubura ikiyaya c’umubande mu gihugu ca Shinari, baraheza baba ng’aho.
- Maze batangura kubwirana bati: “Ingo tubumbe amatafari hanyuma tuyaturire mu kuyacisha mu muriro.” Nuko itafari ribabera ibuye, mugabo ikaburimbo ibabera ubudongo.
- Baravuga bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru, twiheshe izina rurangiranwa, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi.”
- Nuko Yehova amanuka kuraba ico gisagara n’uwo munara abana b’abantu bari bubatse.
- Inyuma y’ivyo Yehova aravuga ati: “Ehe bagize igisata c’abantu kimwe, kandi bose bavuga ururimi rumwe, none ibi ni vyo batanguye gukora. Erega, ubu nta kintu na kimwe bokwiyumvira gukora batazoshobora gushikako.
- Ingo tumanuke maze tuvurunganye ururimi rwabo hariya kugira ntibumvikane mu rurimi.”
- Nuko rero Yehova abasanzaza ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho, maze buhorobuhoro bagenda baraheba ivyo kwubaka nya gisagara.
- Ni co gituma ciswe Babeli, kuko aho ari ho Yehova yari yavurunganirije ururimi rw’isi yose, kandi Yehova akaba yari yabasanzaje ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho.
From: Bibiliya y'isi nshasha
Information about Kirundi
Tower of Babel in Bantu languages
Bemba,
Beti,
Chichewa,
Dawida,
Kamba,
Kinyarwanda,
Kirundi,
Kwanyama,
Lingala,
Luba-Katanga,
Luganda,
Luragooli,
Ndebele,
Ndonga,
Northern Sotho,
Sena,
Shona,
Southern Sotho,
Swahili,
Tetela,
Tonga,
Tsonga,
Tswana,
Tumbuka,
Venda,
Xhosa,
Zulu
Other Tower of Babel translations
By language |
By language family
Learn Chinese Characters with the Omniglot Chinese app